Uko wahagera

Putin na Obama Bagize Ico Bapfunditse Kuri Siriya


Putin avugana na Obama kuri Telefone
Putin avugana na Obama kuri Telefone

Perezida wa Leta zunze ubumwe z’Amerika Barack Obama yaraganiriye kuri telefone na mugenzi we w’Uburusiya Vladimir Putin kuwa gatatu.

Bavuganye ku bibera muri Siriya hamwe nuko Uburusiya bukwiye kugondoza reta ya Siriya igahagarika ibitero kuba sivile ataco bazira hamwe no ku mihari yemeye guhagarika intambara.

Ibiro vya Perezida Obama vyatangaje ko abo bategetsi babiri bapfunditse ko bagiye guhasha umuhari wa reta ya Kiyisilamu hamwe n’iyindi mihari iwukomokako iriko irwanira muri Siriya.

Reta y’Uburusiya yamenyesheje kuwa gatatu ko Obama na Putin bemeranije ko abasirikare babo bagiye kubandanya bakorera hamwe muri Siriya.

XS
SM
MD
LG