Uko wahagera

EURO 2016: Portugal mu Rukino rwa Nyuma


Christiano Ronaldo yinjije igitsindo n'umutwe

Christiano Ronaldo yinjije igitsindo n'umutwe

Portugal yunguruje mu gice ca nyuma c’ihiganwa ry’igikombe c’ibihugu vv’i Bulaya.

Portugal yatsinze Pays de Galles, ibitsindo bibiri ku busa ku musi wa gatatu, mu gisagara ca Lyon, mu gihugu c’Ubufransa.

Ivyo bitsindo vyinjijwe n’abakinyi, Christiano Ronaldo, ku munuta wa 50, na Nani ku munuta wa 53.

Portugal, izohura ku musi w’Imana n’uwuzoba yatsinze hagati y’Ubudagi n’Ubufransa.

Ivyo bihugu bibiri bizohura ku musi wa kane, mu gisagara ca Marseille.

Ronaldo, yanganije na Michel Platini, igitigiri c’ibitsindo binjije mu mahiganwa y’igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya. N’ukuvuga ibitsindo icenda umwe umwe wese.

Abakwirikkirana ibintu bavuga ko Pays de Galles, naho idashoboye kubandanya mw’ihiganwa, ikuye icirwa gikomeye mu gikombe c’ibihugu vy’i Bulaya.

Ivyo bikazoyifasha mu nkino yimirije gukina, mu guhiganirwa kuja mu gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’i 2018, mu Burusiya.

Urukino rwa mbere ruzohuza Pays de Galles, na Moldaviya, mu gisagara ca Cardiff, mu kwezi kw’icenda.

XS
SM
MD
LG