Uko wahagera

USA: Imyiyerekano Inyuma yuko Umwirabure Yishwe


Ababa mu gisagara ca Baton Rouge muri Reta ya Louisiana, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bariko basaba kw’umukuru w’igipolisi muri ico gisagara akurwa inyuma yuko umwirabure w’imyaka 37, Alton Sterling arashwe mu buryo budasobanutse n’igipolisi ku musi wa kabiri hanze y’imangazini ntoyi y’ugusumiramwo.

Imyiyerekano yadutse mu gisagara ca Baton Rouge inyuma yuko amasanamu ya video y’iraswa rya Sterling agiye ahabona.

Sterling, yari afise ibikomere bitari bike vy’insoro mu gikiriza no mu mugongo. Ivyo bitangazwa n’ivyavuye mw’isuzumwa ry’ikiziga ciwe.

Abapolisi babiri bariko bitaba umuntu atamenyekanye yari yahamagaye yavuze ko hari umuntu yariko agurisha amadiske y’umuziki, kandi ko yagabishije kumwica n’inkoho hanze y’imangazini ntoyi abantu basumiramwo.

Igihe abapolisi bashika barahanganye mu kiringo gitoyi na Sterling.

Nyen’iyo mangazini, Adbul Muflahi, yatangaje ko umwe mu bapolisi yagerageje gufata Sterling. Igihe yadadaza, umupolisi agira kabiri yaciye amurasa hagati y’incuro zine n’incuro zitandatu.

Sterling yaciye asandaba buno nyene. Igipolisi nticatangaje icatumye ibintu bishika aho Sterling yicwa. Abo bapolisi babiri babaye barahagaritswe mu kazi.

XS
SM
MD
LG