Uko wahagera

Zeid Ra'ad Al Hussein Anegura Ukwihorahorana muri Iraki


Umutegetsi mukuru ajejwe ivy’agateka ka muntu muri ONU Zeid Ra'ad Al Hussein

Umutegetsi mukuru ajejwe ivy’agateka ka muntu muri ONU Zeid Ra'ad Al Hussein

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ridashigikiye ukwihora kuriko gukorwa na reta ya Iraki inyuma y’igitero cabaye k’umusi w’Imana k’umugwa mukuru Baghdad kigahitana abarenga 200.

Umutegetsi mukuru ajejwe ivy’agateka ka muntu muri ONU Zeid Ra'ad Al Hussein amenyesha ko ababajwe n’abo basivile ataco bazira bishwe mur’ico gitero.

Ariko asaba reta ya Iraki kubuza imihari y’abarwanyi iriko irihora mu gukubagura no kwica abasivile bafashwe mugihe bariko bahunga ibisagara vyari mu minwe y’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Zeid asaba reta kwimurira mu bindi bibanza abantu bashika 600 bagizwe n’abagabo hamwe n’abahungu b’imisore bafashwe n’iyo mihari yariko irwana k’uruhande rwa reta mu rugamba rwo kwigarurira igisagara ca Fallujah m’ukwezi kwa gatandatu.

Amenyesha ko ukwihora nkuko ata kindi gushikanako atari uguha inguvu umuhari wa reta ya Kiyisilamu kurushiriza kugaba ibindi bitero ku basivile b’inzira karengane.

XS
SM
MD
LG