Uko wahagera

Obama Ashigikira Hillary Mu Kwiyamamaza


Perezida Barack Obama na Hillary Clinton mu myiyamamazo mu gisagara ca Charlotte muri reta ya Karolina ya ruguru.
Perezida Barack Obama na Hillary Clinton mu myiyamamazo mu gisagara ca Charlotte muri reta ya Karolina ya ruguru.

Perezida wa Leta zunze ubumwe z’Amerika, Barack Obama yaratanguye guherekeza Hillary Clinton wo mu mugambwe w’aba Demokrate mu myiyamamazo y’uguhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu.

Mu rugendo rwa mbere batanguriye kuwa kabiri mu gisagara ca Charlotte, muri reta ya Carolina ya ruguru, Obama yaravuze ibitari bike bikwiye gutuma abanyamerika batora Hillary ngo abe umukuru w’igihugu w’Amerika agira 45.

Obama yarashemagije uwahoze ari sekereteri wa reta wiwe ko ar’umukozi afise ubwenge buhanitse, umukozi akora cane, kandi adatinya no gufata ingingo zikomeye.

Obama asanzwe afise igikundiro cinshi mu mugambwe w’aba Demokrate, ugushigikira Hillary mur’urwo rugamba, bishobora gutuma ashobora kugira amahirwe menshi yo gutorwa nk’umukuru w’igihugu.

XS
SM
MD
LG