Uko wahagera

Genenade Yakomrekeje Abantu Icenda i Mogadishu


Muri Somaliya, abategetsi n’abanyagihugu bavuga ko umuntu akekwa kuba ari umugwanyi wa al-Shabab yateye gerenade mw’iduka riri mugisagara ca Mogadishu ku musi wa kabiri, akomeretsa abantu icenda.

Abukar Sheikh Ahmed, komiseri w'akarere ka Wadajir yavuze k’uwo muntu akekwa kuba ari umugwanyi wa al-Shabab yakoze ico gitero mw’iduka ry’uzuyemwo abantu aca arahunga.

Abanyagihugu bariko barasuma ibikoresho vyo guhimbaza umusi mukuru mutagatifu w’idini rya Islamu. Uwo musi ukaba ari Eid al-Fitr urangiza imisi yo kwisonzesha no gusenga ugiye aguhimbazwa kw’isi yose ejo u musi wa gatatu itariki 6 z’uku kwezi kwa gatandatu.

XS
SM
MD
LG