Uko wahagera

Umutekano Muke Watuma Reta Itanga Imihoho


Muri Iraki, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mugihugu arasaba reta ko yotanga imihoho. Ivyo bikiyongera kuruhagarara rwa politike rusanzwe ruri mugihugu, inyuma y’igitero giherutse kugigwa kumugwa mukuru wa Baghdad.

Kuri uno musi wa kabiri, Mohammed Ghabba, yahaye ububasha bwiwe icegera ciwe ivyagateganyo mukurundira icipfuzo ciwe c’ugutanga imihoho cemegwa n’umushikiranganji mukuru Haider al-Abadi. Muri aka kanya al-Abadi nawe nyene afitiwe agashavu n’abanyagihugu batari bake, inyuma y’ico gitero c’ubwihevyi cakozwe mumuduga kigahitana abantu 175.

Abajejwe gutabara imbabare baracarondera abantu batazwi irengero ryabo muri ako gace kagiriwemwo igitero cambere gikomeye cane muri karere ka Karrada ku mugwa mukuru, kuva amerika ifatiye inginto yo gutera ico gihugu mu 2003.

XS
SM
MD
LG