Uko wahagera

Nijeriya: Igisilikare Caburijemo Igitero c'Abakenyezi


Igisirikare ca Nigeriya catesheje igitero c’ubwihevyi cari kigira gikogwe n’abakenyezi babiri b’abagwanyi b’intagondwa za Boko Haram.

Umuvugizi w’igisirikare Sani Kukasani Usaman yasohoye itangazo rivuga ko abasirikare barashe barabica abo bakenyezi, imbere yuko baturitsa amabombe bari bafise. Ico gitero cari kigira kigigwe mukibanza kirimwo abantu bateshejwe ingo zabo kubera intambara.

Amwe mumabombe y’abo bagizi bitera bwoba yaturikiye muturere turi hafi y’akarere ka Monguno aho Boko Haram isanzwe ikorera, zikomeretsa abasivile babiri. Iryo tangazo ry’igisirikare rivuga ko hari uwundi mukenyezi yiturikijeko bombe mu kandi karere, ariko ko atawahitanywe nico gitero.

Kuri uno musi wa kabiri, Reta y'Amerika iragabisha ko hashobora gukogwa ibitero kubanyamahanga n’ingezi I Lagos, mugisagara gikuru ca Nigeriya muri ibi bihe vya Eid-al-Fitr biriko bihimbazwe kuri iyi tariki ya gatanu, ejo kuyagatandatu irangiza ibihe vya Ramadan.

XS
SM
MD
LG