Uko wahagera

Amerika: Hillary Clinton Ntazokwirikiranwa


Umukandida w'Umudemokarate, Hillary Clinton
Umukandida w'Umudemokarate, Hillary Clinton

Umuyobozi w’ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, FBI, James Comey, yatangaje uno musi ku wa kabiri kw’ibiro FBI vyemera ko bidakenewe ko Hillary Clinton yagirizwa ivyaha ku vyuko nimba yivifashemwo nabi ku makuru y’ibanga igihe yari umushikiranganji ajejwe wimigenderanire wa Reta Zunze za Amerika.

Ku musi wa gatandatu, Hillary Clinton yarabonanye n’abajejwew itohoza b’ibiro FBI mu kiringo c’amasaha atatu kugira baganire ivyerekeye ikibanza c’ugushiramwo ubutumwa bwa email bwo ku giti ciwe yakoresheje mu mabanga yiwe y’umushsikiranganji ajejwew imigenderanire.

Umuyobozi w’ibiro, FBI, James Comey avuga ko naho hari ivyemezo vy’uko Hillary Clinton ashobora kuba yarondeye kurenga ku mategeko n’ugushaka, babona ko bidakenewe kw’akwirikiranwa n’ivyaha.

Amenyesha ko Hillary Clinton yakoresheje ku giti ciwe ibibanza bitari bike bikoresha subutumwa bwa email bw’amabanga yiwe yari ashinzwe y’umushikiranganji ajejwe imigenderanire.

Ibiro FBI vyasomye ubutumwa bwose bwa email bugera ku bihumbi mirongo itatu mw’itohoza vyagize.

Ivyo biro bimenyesha ko bumwe muri ubwo butumwa bwarimwo amakuru y’ibanga igihe bwarungikwa.

Yamara umuyobozi w’ibiro FBI, James Comey avuga ko ata vyemezo ko hoba hari ubutumwa bujanye n’ivy’akazi Hillary Clinton yoba yarafiuse n’impaka.

Yamara amenyesha ko we n’abakozi biwe batavyifashemwo neza na gato ku bijenye n’amakuru y’ibanga.

XS
SM
MD
LG