Uko wahagera

Uganda Iriyumvira Gukura Inteko muri Somaliya


Perezida w’igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni, yatangaje kw’igihugu ciwe kizosubira kwiyumvira imigambi yaco y’ugukura inteko muri Somaliya, hamwe inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afurika zotera zija mu mu nzira nziza.

Mw’ijambo yashikirije abamenyeshamakuru, inyuma y’inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala, ejo ku musi wa mbere.

Perezida Museveni yatangaje kw’impamvu nkuru y’ukuja muri Somaliya, kwari ugufasha Abanyasomaliya gushiraho igisirikare cabo. Yamara imyaka icenda inyuma yaho ico gisirikare ntikirashsirwaho.

Yamara yatangaje ko yaganiye ico kibazo n’abategetsi b’umuryangow’ubumwe bwa Afrika, n’abategetsi b’ishirahamwe mpuzamaungu ONU.

Yamenyesheje ko muri iki gihe abantu badafata minenerwe ivyerekeye gushiraho igisirikare ca Somaliya. Amenyesha ko Uganda, izoshigikira uwo mugambi niyo yabona kw’umugambi w’ugushiraho ico gisirikare uriko urakora,

Avuga ko igihugu ciwe kitazokura inteko zaco niyo baba bariko batera baja mu nzira nziza. N’ukuvuga inzira y’ugufasha Abanyasomaliya gushiraho inzego bakeneye, cane cane igisirikare c’igihugu.

Uganda, yari yatangaje mu kwezi guheze ko ifise imigambi y’ugukura inteko zayo, muri Somaliya mu mpera z’umwaka uza.

XS
SM
MD
LG