Uko wahagera

Benjamin Netanyahu muri Kenya


Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Isirayeli, Benjamin Netanyahu, yageze muei Kenya, ku wa kabiri, mu rugendo arimwo muri Afurika.

Inyuma yuko ashitse mu gihugu ca Kenya, Netanyahu, yabwiye abamenyeshamakuru kw’urugendo rwiwe rugenenwe gusubira gukomeza imigenderanire n’ibihugu vya Afurika.

Netanyahu, atangaza kw’akarere ka Afurika kariko karagira intambwe zikomeye mu vyerekeye iterambere. Amenyesha kw’ivyo bizogiririra akamaro impande zose. Ibibazo vyerekeye imitahe n’ugufashanya mu bijanye n’umutekano, nivyo bizoshimikirwako kurushiriza mu rugendo rwiwe.

Umushikiranganji wa mbere Netanyahu, amenyesha kw’igihugu ciwe cifatanije n’ibihugu vya Afrika, mu rugamba rw’ukurwanya iterabwoba. Amenyesha kw’ari urugamba rusangi.

Nirwo rugendo rwa mbere umutegetsi w’igihugu ca Isirayeli agize mu karere ka Afurika, mu kiringo c’imyaka mirongo itatu.

Imigenderanira hagati ya Israel n’ibihugu vyo muri Afrika, yharatosekaye inyuma y’ingwano hagati y’ico gihugu n’ibihugu vy’Abarabu, mu mwaka w’i 1973. Ibihugu bitari bike vyo muri Afurika, harimwo Kenya, vyarahagaritse imigenderanire na Israel.

XS
SM
MD
LG