Uko wahagera

Abanyeshure b'i Bubanza muri Sentare Nkuru


Abanyeshure bo mw’ishure nshingiro 4 bo mu ntara ya Bubanza bakurikiranwa ku caha co kwonona amafoto y’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, barengutse kur’uno wa kabiri muri sentare nkuru ya Bubanza.

Abo banyeshure bari mw’ibohero rikuru rya Bubanza kuva kw’igenekerezo rya 26 ukwezi kwa gatandatu guheze. Bagizwe n’abigeme babiri n’abahungu babiri, bari barakoze ibibazo birangiza umwaka. Abavyeyi babo barababazwa n’ingene haphunzwe bamwe mu gihe hari abandi bapfutanganije ayo mafoto y’Umukuru w’igihugu mu bitabu vy’ishure.

Basaba ko borekurwa bakaja gukora ibibazo vy’ivyigwa bazosubiramwo repechage mu gifaransa kugira umwaka nt’uzobe impfagusa.

Jacques Nshimirimana arongoye ururani rw’amashirahamwe yitaho agateka k’abana mu Burundi FENADEB, asaba ko baba abo bana b'i Bubanza bapfunzwe canke n’ahandi borekurwa.

Abana indwi bahora bapfunzwe mu ntara ya Ruyigi bagirizwa ico caha co gufutanganya amafoto y’Umukuru w’igihugu Nkurunziza, bararekuwe na sentare nkuru ya Ruyigi kur’uyu wa mbere.

XS
SM
MD
LG