Uko wahagera

Ubushinwa: Imvura n'Imyuzure Vyahitanye Abashika 200


Abasirikare Bariko Bazibira Imyuzurira

Abasirikare Bariko Bazibira Imyuzurira

Imvura nyinshi n’imyuzurira bimaze indwi zibiri mu bumanuko n’ubuseruko bw’Ubushinwa, bimaze guhitana abantu barenga amajana abiri hamwe n’abandi babuze irengero ryabo.

Abategetsi b’Ubushinwa bamenyesha ko ibintu bitari bike vyononekaye, kandi ko indimo zifise agaciro k’amafaranga arenga imiliyaridi indwi z’amadolari zatwawe n’iyo myuzurira.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubushinwa Xinhua, rimenyesha ko abantu imiliyoni 17 bo mu ntara za Hubei na Anhui basinzikajwe n’iyo mvura.

Amabarabara y’indarayi, ndetse n’ayandi mabarabara makuru makuru yo mu gice kinini co mur’iyo mu ntara ya Hubei ntagihita.

XS
SM
MD
LG