Uko wahagera

Kenya: Bariyamiriza Ubwicanyi Ndengera Butungane


Abigaragamvya bitwaje isanduzu yo guhambamwo umuntu mu kugaragaza umubabaro.

Abigaragamvya bitwaje isanduzu yo guhambamwo umuntu mu kugaragaza umubabaro.

Abantu baharurwa mu majana barihereje amabarabara yo k’umurwa mukuru wa Kenya, Nairobi k’umusi wa mbere biyamiriza ubwicanyi ndengera butungane bavuga ko bukorwa n’igipolisi hamwe n’inzego zijejwe umutekano.

Abashingwamanza, abaharanira agateka ka muntu, abagendesha amapikipiki, n’abandi barahuye bagaragaza umubabaro k’urupfu rw’umushingwamanza Willie Kimani, uwo yaburanira Josephat Mwenda hamwe na Joseph Muiruri, yagendesha itagisi.

Abo bagabo batatu bazimiye kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa gatandatu, inyuma y'aho sentare yar'ihejeje kwumviriza Mwenda ku vyaha imwagiriza, aho yari kumwe n’umushingwamanza wiwe Kimani.

Abo bagabo batowe ar’ibiziga m’uruzi ruri ku bilometero 70 uvuye I Nairobi.
Igipolisi ca Kenya catangaje ko abapolisi batatu bahagaritswe ku mvo z’amatohoza.

Abaharanira agateka ka muntu basaba ko abapolisi bafise uruhara mur’ubwo bwicanyi ndengera butungane barengutswa imbere y’ubutungane bagahanwa.
Bategekanya gusubira kwigaragamvya k’umusi wa gatatu.

XS
SM
MD
LG