Uko wahagera

Abayisilamu Bambara Amakanzu mu Mahanga Baragabishwa


Iba Isilamu bo muri Leta Zuyunze z'Abarabu mu myambaro iranga akaranga kabo
Iba Isilamu bo muri Leta Zuyunze z'Abarabu mu myambaro iranga akaranga kabo

Igihugu ca Leta ziyunze z’Abarabu canke Emira Arabe Uni, gihamagarira abanyagihugu baco kwirinda kwambara impuzu ziranga imico n'akaranga vyabo mugihe bari mu ngendo mu mahanga.

Ivyo bishikirijwe inyuma y’aho ibimenyeshamakuru vy’ico gihugu bitangarije ko hari umugwizatunga wabo yafashwe muri Leta ya Ohio muri Amerika yiketswe ko ar’umunywanyi w’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Reta y’ico gihugu ivuga ko yiketswe kuko yari yambaye ikanzu yera, umwambaro umenyerewe kwambarwa n’abanyagihugu bayo.

Agifatwa yambitswe amapingu mu nyuma atabwa mu mvuto n’igipolisi, ndetse aranajanwa kuvurwa kuko yari yasinzikarijwe umuzima.

Iryo gabisha kandi ryarahawe abakenyezi baco mu bice bimwe bimwe vyo mu Bulaya ko bokwirinda kwitwikira mu maso, cane cane ababa mu Bufaransa, Ububirigi, Ubuholande na Danemarke.

Leta ziyunze z’Abarabu canke Emira Arabe Uni ivuga ko ari mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu baco.

XS
SM
MD
LG