Uko wahagera

Amerika na Iraki Ku Kurwanya ISIS


Ambasaderi w'Amerika muri Iraki, Stuart Jones

Ambasaderi w'Amerika muri Iraki, Stuart Jones

Ambasaderi aserukira Leta zunze ubumwe z'Amerika muri Iraki, Stuart Jones, yarabonanye n'umushikiranganji wa Iraki ajejwe kwivuna abansi Khalid al-Obeidi, bavugana ingene ivyo bihugu vyokorana neza mu kurwanya umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Uyo mubonano wabaye kuwa mungu, inyuma y’aho umuhari wa reta ya Kiyisilamu wemangiye ko ariwo waturikije bombe zibiri zahitanye abantu bashika 124 k’umurwa mukuru Baghdad zongera zikomeretsa abandi 186.

Ibombe yambere yar’itezwe mw’ikamyo yaturikijwe inyuma ya sasita y’ijoro mu kibanza kirwiriyemwo amazu y’ubudandaji ahitwa Karrada. Iyo bombe yonyene yahitanye abashika 119 ikomeretsa 170.

Nico gitero gikomeye gikozwe I Baghdad mur’uyu mwaka.
Umuhari wa reta ya Kiyisilamu wamenyesheje ko warondera aba Isilamu bo mu bwoko bw’aba Shiite, abo wita ko bemera ibintazi.

Ibombe ya kabiri yaturikiye ahitwa Shaab mu buraruko bwa Baghdad ihitana 5 n’abandi 16 bakomeretse.

XS
SM
MD
LG