Uko wahagera

Ubushinwa Bwahaye Ibikoresho vya Gisirikare Afghanistani


Indege ishikanye ibikoresho vya gisirikare Ubushinwa buhaye Afghanistani
Indege ishikanye ibikoresho vya gisirikare Ubushinwa buhaye Afghanistani

Igihugu c’Ubushinwa carahaye Afganistani ingabire y’ibikoresho vya gisirikare bizofasha ico gihugu guhangana n’ibikorwa vy’iterabwoba.

N’imfashanyo ya mbere Ubushinwa butanze inyuma yo gusezerana ko buzofashisha Afganistani imiliyoni z’amadolari mur’urwo rugamba.

Ivyo bikoresho bigizwe n’ibiduga vya gisirikare, amasasu, inkoho hamwe n’ibindi bikoresho, vyashitse k’umurwa mukuru Kabul kuw’Imana, aho Ambasaderi w’Ubushinwa mur’ico gihugu Yao Jing yaciye abishikiriza igisirikare ca Afganistani.

Abakurikiranira hafi ibijanye n’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bavuga ko Ubushinwa bwatanze iyo mfashanyo aho gifise amakenga ko umutekano wama wahungabanye muri Afganistani ushobora no gutandukira Ubushinwa.

Intara y’Ubushinwa ya Xinjiang iri mu burengero irangwamwo aba Isilamu bo mu bwoko bw’aba Uighur bama bagumutse biyamiriza intwaro y’umukazo y’Ubushinwa.

XS
SM
MD
LG