Uko wahagera

Afirika y'Epfo: Abamenyeshamakuru mu Myigaragamvyo


Abamenyeshamakuru bo muri Afrika y'Epfo mu myigaragamvyo.
Abamenyeshamakuru bo muri Afrika y'Epfo mu myigaragamvyo.

Abamenyeshamakuru bo muri Afrika y’epfo, bahurikiye mu runani rwitwa, SABC mu mpfunyapfunyo y’icongereza, baragize imyiyerekano mu bisagara vya Johannesburg na Cap Town ku wa gatanu.

Iyo myiyerekano bayigize biyamiriza itegeko ryasohotse ribabuza gutangaza amakuru ajanye n’intureka zibera mu myiyamamazo.

Abamenyeshamakuru bashika kuri 6, barahagaritswe ivy’agateganyo, biturutse ko bagararije, bakanka kwumvira, mbere banahererekana amakuru n’ayandi mashirahamwe y’abamenyeshamakuru.

Mu ntango z’iyi ndwi, uwari icegera c’umurongozi vy’agateganyo mur’urwo runani SABC, yaratanze imihoho. Avuga ko ibiriko birabera muri SABC ar’amakosa, kandi ko adashobora kubishigikira.

Urwo runani SABC, rugizwe n’amaradiyo ashika kuri 19, hamwe n’ama televiziyo 4.

William Bird, umwe mu barongozi b’ivyo bimenyeshamakuru, avuga ko amategeko nk’ayo amwibutsa igihe c’intwaro ya Apartheid, aho Reta yacungera cane ibimenyeshamakuru.

Afrika y’epfo iriko yitegurira amatora azoba italiki zitatu z’ukwezi kwa munani, z’uyu mwaka. Urunani SABC, rukaba ari ikibuga gikomeye c’abanyepolitike na cane cane abari k'ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG