Uko wahagera

Euro 2016: Pays De Galles Muri Demi-Final


Abakinyi ba Pays De Galles bigina intsinzi inyuma yo gutsinda Ububirigi muri Quart de Final

Abakinyi ba Pays De Galles bigina intsinzi inyuma yo gutsinda Ububirigi muri Quart de Final

Muri za Nkino z’irushanwa ry’umupira w’amaguru mu Bulaya, igihugu ca Pays De Galles caronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma (Demi-Final), inyuma yo kwirahira Ububirigi mu kubutsinda ibitsindo bitatu kuri kimwe (3-1).

Urukino rwabereye ku kibuga co mu gisagara ca Lilles mu Bufaransa.

Umukinyi Radja Nainggolan w’Ububirigi niwe yatanguye guha intinzi igihugu ciwe k’umunota wa 13, mu nyuma Ashley Williams Capitene wa Pays de Galles aca arakigombora k’umunota wa 30 imbere yuko baja kuruhuka.

Bavuye mu karuhuko, Robson Kanu wa Pays De Galles yaciye atsinda igitsindo kigira kabiri ku munota wa 56, igitsindo cakurikiwe n’ikindi cinjijwe na Sam Vokes k’umunota wa 86.

Ni urukino rugira kabiri rwa ¼ de finale, rubaye inyuma y’urwabaye k’umusi wa kane, aho Portugal yatsinze Polande ibitsindo 6 kuri 4 barinze gutera za Penalti.

Pays De Galles iciye ihamvya Portugal muri Demi final, aho iyo migwi nyene izoca ihura k’umusi wa gatatu italiki 6 z’uku kwezi kwa ndwi.

Kur’uyu wa gatandatu Ubudagi buza guhura n’Ubutaliyano, K’umusi w’Imana naho Ubufaransa buhure ba Islande.

Izi nkino zatanguye italiki 10 z’ukwezi kwa gatandatu zizorangira italiki 10 z’uku kwezi kwa ndwi.

XS
SM
MD
LG