Uko wahagera

Uburundi Burahakana Raporo Ya ONU Ku Gateka Ka Muntu


Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe agateka ka zina muntu, Martin Nivyandi arabeshuza raport y’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ivuga kw’ubwicanhyi bubandanya mu Burundi bushobora kuvamwo ubwicanyi bufatiye ku bwoko.

Nivyabandi avuga kw’intumwa zose zarungitswe mu Burundi n’amakungu ziboneye kw’ikibazo c’ubwicanyi hamwe n’irtyozwa ry’agateka ka zina muntu, biriko biratorerwa inyishu.

Avuga kandi kw’ikibazo c’abana bononye amafoto y’umukuru w’igihugu, naco nyene kiriko kiratorerwa umuti ngo kuko benshi mur’abo bana avuga ko batoye umurongo, barekuwe, abandi nabo amadosiye yabo ariko arigwa n’ubutungane.

Nivyandi yariyamirije kandi invugo yo gushira ubwicanyi bwose bukorerwa mu Burundi kuri reta ngo kuko vyigaragaje ko hari imirwi y’inkozi z’iki, yirirwa iragandagura abasivile ataco bazira:

Mushobora kwumviriza:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:57 0:00

XS
SM
MD
LG