Uko wahagera

ONU: Uburundi Busabwa Kwubahiriza Agateka Ka Muntu


Inama ya ONU ijejwe agateka ka Muntu
Inama ya ONU ijejwe agateka ka Muntu

Umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU uvuga kw' urajwe ishinga n’ukuntu agateka ka zina muntu kabandanya guhungabanwa mu Burundi, kuva hatanguye indyane zishingiye kuri politike, mu mwaka uheze.

Mu nama yawuhuje ejo ku musi wa gatatu, uwo murwi usaba kw' ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rihagarara kuko rishobora gukwegera Uburundi mu ndyane z’amoko zishobora gukwegera akarere kose k’Afirika yo hagati.

Mugihe haheze umwaka Perezida Pierre Nkurunziza yongeye gutorwa, ikiringo bamwe babona ko caciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro, Uburundi na ONU gushik’ubu ntibabona kumwe ibiriko bibera mur’ico gihugu.

Mu gihe Reta y’Uburundi yagiriza ONU ko ishikiriza ibinyoma ku biriko biraba mu Burundi, umukuru w’Umugwi ujejwe agateka ka zina muntu mur’iryo shirahamwe, Zeid Ra’ad Al Hussein we avuga ko ahagaritswe umutima n’ibiriko birabera mu Burundi.

Mu cegeranyo gishasha yashikirije ONU, Zeid atunga urutoke inzego z'umutekano z'Uburundi, hamwe n’umuhari uyikomokako, ko bica, bakanyuruza, ndetse bagafata abantu bu buryo buteye kubiri n’amategeko.

Zeid avuga ko arajwe ishinga n’uko hashobora kwaduka ubwicanyi bufatiye ku moko. Asaba reta y’Uburundi kurengutsa imbere y’ubutungane abo bose bafise ivyo bagirizwa, kandi ko ibiganiro bihurikiwemwo bose vyobandanya.

XS
SM
MD
LG