Uko wahagera

Uburaya Buhanganye n'Ubwongereza


Kur’uyu wa gatatu, ibihugu bihurikiye mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya biri mu nama, m Bubiligi. Abarimo bariga ku buryo iryo shirahamwe rigiye kubandanya gukora, inyuma yaho Ubwongereza bufatiye ingingo yo kuva mur’iryo shirahamwe.

Ishirahamwe rya Buraya ryasavye Ubwongereza gusohoka vyihuta, no kutagira ico buryitegaho na kimwe, butabanje kuriha. Ivyo vyashikirijwe kandi n’abategetsi batandukanye nka Angela Merkel, atwara Ubudagi, hamwe na Francois Hollande w’Ubufaransa.

Ugusohoka kw’Ubwongereza mw’Ishirahamwe vya Buraya kwarateye uruhagarara mu gisata c’ubutunzi. Mario Draghi, arongoye ibanki nkuru y’Uburayi avuga ko Ishirahamwe rya Buraya ritegerezwa gutunganye uburyo ifaranga rya Euro rikoreshwa kugira vyirinde ingaruka mbi zishoboka.

Umwe mu barongozi b’iryo shirahamwe avuga ko hari ingorane zifatiye ku guhuza kw’Ibihugu bishika kuri 27 birihukiyemwo, aho bategerezwa kwumvikana ku ntumbero yaryo.

Ibihugu bikomeye mur’iryo Shirahamwe, arivyo Ubudagi, Ubufaransa n’Ubutaliyano, bishira imbere ibibazo vyerekeye umutekano, ugwaruka, akazi, hamwe n’ubutunzi. Ibibazo Ibihugu vya Buraya bisanganywe.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, David Cameron avuga ko atari ajejwe uburyo Ubwongereza buva mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya.

XS
SM
MD
LG