Uko wahagera

Michelle Obama muri Maroke


Michelle Obama n'umwamikazi wa Maroke Lalla Salma
Michelle Obama n'umwamikazi wa Maroke Lalla Salma

Umutambukanyi wa Perezida Obama, Michelle Obama ari muri Maroke m’urugendo arimwo muri Afirika.

Michelle Obama yasanganiwe n’umwamikazi Lalla Salma igihe yashika ku mugoroba wo kuwa mbere mu gisagara ca Marrakech arikumwe n’abakobwa biwe babiri Malia na Sasha hamwe na nyina wiwe Marian Robinson.

Yahashitse avuye muri Liberiya kugendera ikigo kibamwo abana b’abakobwa gifashwa n’ishirahamwe Peace Corps rihabwa uburyo na leta y’Amerika.

Yarabonanye n’umukuru w’igihugu ca Liberiya, Ellen Johnson Sirleaf, umukenyezi wa mbere arongoye igihugu muri Afrika.

Mur’urwo rugendo rw’imisi itandatu rushimikiye ku mugambi

utumbereye guhangana n’ibibazo vy’abakobwa barongorwa bataragera, ubukene hamwe n’ubwicanyi bituma abakobwa barenga imiliyoni 62 kw’isi nzima bata amashure.

XS
SM
MD
LG