Uko wahagera

Iraki: Amerika Yiteguriye Gufata Mosul


Abarwanyi b'aba Kurdes mu gice C'Ubuseruko bwa Mosul
Abarwanyi b'aba Kurdes mu gice C'Ubuseruko bwa Mosul

Intumwa idasanzwe ya Perezida Obama k’urunani rwagiye hamwe mu kurwanya umuhari wa reta ya Kiyisilamu muri Iraki yabwiye abashingamateka b’Amerika kuwa kabiri ko intambara igiye gutumbera gisagara ca Mosul.

Brett McGurk, ntiyatangaje igihe ico gitero kizotangurira, ariko yavuze ko imisi umuhari wa reta ya Kiyisilamu usigaje muri co iharuwe.

Yamenyesheje ko imyiteguro yamaze gutangura. Mosul kirimwo abanyagihugu baharurwa mu ma miliyoni, haheze imyaka ibiri carigaruriwe n’uwo muhari.

Abitangaje Inyuma y’aho abategetsi ba Iraki baheruka gutangaza ko bigaruriye igisagara cose ca Fallujah.

Amerika igiye gutunganya inama I Washington kw’italiki 20 z’ukwezi kwa ndwi igamije gutororokanya amafaranga yo gufasha abanyagihugu ba Iraki hamwe no gutegura ibisasu vyahambwe mu kuzimu n’abo barwanyi.

Iyo nama izitabwa n’abaserukira ibihugu vya Canada, Ubuyapani, Ubudagi hamwe n’ibindi bihugu.

XS
SM
MD
LG