Uko wahagera

UNICEF Iratabariza Abana


Unicef isaba amareta, abatanga imfashanyo, n’amashirahamwe ategamiye reta gutumbereza imigambi yabo ku bana

Unicef isaba amareta, abatanga imfashanyo, n’amashirahamwe ategamiye reta gutumbereza imigambi yabo ku bana

Abana bashika imiliyoni 70 bari musi y’imyaka itanu bashobora gupfa uhereye ubu gushika mu mwaka w’2030 mugihe ama reta n’abayafasha batokora imigambi y’iterambere biyemeje.

Ivyo bimenyeshwa na UNICEF muri raporo y’umwaka yasohotse k’umusi wa kabiri. Unicef isaba amareta, abatanga imfashanyo, n’amashirahamwe ategamiye reta gutumbereza imigambi yabo ku bana, no kubaha amahirwe amwe yo kugira kazoza keza.

UNICEF ishimikira muri Afirika iri musi ya Sahara aho ivuga ko abana babiri kuri batatu babayeho mu bukene budasanzwe kandi benshi bataye amashure bakiri mu mwaka wa kane.

Ted Chaiban, umuyobozi ajejwe imigambi muri Unicef atanga akarorero ku bihugu vya Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, Sudani yo mu bumanuko, Republika ya centrafrika aho intambara n’ugutwara nabi vyazingamitse abana.

UNICEF igabisha ko mugihe ivyo vyoguma uko abana imiliyoni 35 bashobora gupfa bataranakwiza imyaka itanu. Asaba ko imigambi ya Unicef yotumberezwa cane mur’ivyo bihugu.

XS
SM
MD
LG