Uko wahagera

Stephen Schwartz Agiye Guserukira Amerika muri Somaliya


Ambasaderi Stephen Schwartz yagenwe guserukira Amerika muri Somaliya arahirira ayo mabanga i Washington

Ambasaderi Stephen Schwartz yagenwe guserukira Amerika muri Somaliya arahirira ayo mabanga i Washington

Leta zunze ubumwe z’Amerika zasubiye kugena uwuzogiserukira mu gihugu ca Somaliya inyuma y’imyaka 25 itanu yar’iheze atawuyiserukira mur’ico guhugu.

Ambasaderi Stephen Schwartz yarahiriye ayo mabanga k’umusi wa mbere I Washington, akaba asubiriye James Bishop, amaze imyaka 25 yaravuye mur’ayo mabanga kumvo z’umutekano muke.

Amerika yakuye abayiserukira hamwe n’abajejwe umutekano bayo muri Somaliya mu mwaka w’1993, inyuma yaho abantu bitwaje ibirwanisho bakororeye kajugujugu ya gisirikare y’Amerika bica abasirikare 18.

Igenwa rya Ambasaderi Schwartz ribaye hari haheze umwaka Sekreteri wa reta w’Amerika John Kerry atangaje ko agiye kugendera Somaliya, urugendo yagize mu kwezi kwa gatanu guheze.

Yabaye Sekreteri wa mbere w’Amerika yagendeye Somaliya. Haciye imyaka itari mike Amerika iha imiliyoni z’amadolari Somaliya kugira ihangane n’ubugararwa, ibikorwa vyo kunyuruza ubwato mu biyaga hamwe no kurwanya al-Shabab.

XS
SM
MD
LG