Uko wahagera

DRC: Isekeza ryo Gukinga Fievre Jaune


Umubu wandukiza Fievre Jaune

Umubu wandukiza Fievre Jaune

Igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo kimenyesha ko mukwezi kuza kizotangura isekeza ryo gucandaga imiliyoni 11 n’ibice 6 z’abanyagihugu baco kugira bakingirwe indwara ya Fievre jaune.

Umushikiranganji wa Kongo w’amagara y’abantu Felix Kabange, yamenyesheje ko iryo sekeza rizotangura kw’italiki ya 20 z’ukwezi kwa ndwi kuza.

Amenyesha kandi ko hazocandarwa abantu bose baba I Kinshasa ukuyemwo abana bari musi y’amezi icenda. Amenyesha kandi ko rizokorwa no mu ntara za Kwango, Lualaba na Kasai.

Mu ndwi iheze reta ya Kongo yatangaje ko ikiza c’indwara Fievre Jaune cateye umurwa mukuru Kinshasa hamwe n’izindi ntara zibiri aho abantu 67 aribo bari bamaze gufatwa mugihe abandi barenga 1000 nabo nyene bikekwa.

Ikiza nk’ico giheruka guhitana abantu 345 mu gihugu ca Angola kibanyi na Kongo.

XS
SM
MD
LG