Uko wahagera

Michelle Obama muri Afirika Guhimiriza Abakobwa Kwiga


Michele Obama, i bubamfu m'urugendo muri Liberiya
Michele Obama, i bubamfu m'urugendo muri Liberiya

Umutambukanyi wa Perezida Obama, Michelle Obama ari m’urugendo muri Afirika.

K’umusi wa mbere yagendeye abakobwa bo mu gihugu ca Liberiya bari mw’ihugurwa, mu twigoro twiwe arimwo two gutez’imbere indero y’abana b’abakobwa b’inkumi muri Afrika.

Imbere y’aho, kur’uyo musi wa mbere nyene yari yabanje kubonana n’umukuru w’igihugu ca Liberiya, Ellen Johnson Sirleaf, umukenyezi wa mbere w'umunyafrika arongoye igihugu.

Mur’urwo rugendo arikumwe n’abakobwa biwe babiri, Malia w’imyaka 18, aheruka kurangiza amashule yisumbuye hamwe na Sasha w’imyaka 15. Arikumwe kandi na inakuru w’abo bana, Marian Robinson.

Mu misi itandatu bazomara mur’urwo rugendo, bazoca kandi mubihugu vya Maroke na Espanye, urugendo rushimikiye ku mugambi wiwe wo guhimiriza abana b'abakobwa kuja mu mashure.

Uwo mugambi utumbereye guhangana n’ibibazo vy’abakobwa barongorwa bataragera, ubukene hamwe n’ubwicanyi bituma abakobwa barenga imiliyoni 62 kw’isi nzima bata amashure.

XS
SM
MD
LG