Uko wahagera

John Kerry Arahumuriza Ibihugu Bicuditse na USA


Secreteri wa Departement ya reta ya Amerika, John Kerry yatangaje kw’ingingo y’igihugu c’Ubwongereza yo kuva mw’ishirahamwe rya Bulaya itazogira ingaruka mbi kw’ishirahamwe ry’ibihugu vyateye igikumu ku masezerano yo kugwaniriza umwansi hamwe, NATO.

Kerry yabwiye abamenyeshamakuru kw’ ahubwo ishirahamwe NATO rigiye gukomera. Ivyo yabitaganje inyuma y’aho arangirije inama n’umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe Jens Stolenberg, ku cicaro caryo I Buruseri mu gihugu c’Ububirigi.

Ibihugu 28 bigize ishirahamwe rya Bulaya, bizokwitaba inama nkuru itegekanijwe mu gihugu ca Pologne ku magegenekerezo y’umunani n’icenda y’ukwezi kw’indwi.

Kerry yavuze kw’iyo nama izoba ikomeye cane kandi kw’ata ngaruka n’imwe, ingingo y’igihugu c’Ubwongereza izogira kur’iryo shirahamwe.

Igihugu c’Ubwongereza caratangaje amakungu ku musi wa kane uheze, igihe abanyagihugu baco batora ingingo yo kuva mu ishirahamwe rya Bulaya; ingingo yatumye amasoko mpuzamakungu y’imitahe yose ahungabana.

Kerry ari mu rugendo I Buruseri hamwe na Londres, rufise umugambi wo guhumuriza ibihugu bicuditse na Amerika, mur’iki gihe bifise amakenga ahagaze kur’iyo ngingo yafashwe n’igihugu c’Ubwongereza yo kuva mw’ishirahamwe rya Bulaya.

XS
SM
MD
LG