Uko wahagera

Mu Bwongereza Amasoko y’Imitahe Ntiyorohewe


Uruhagara ruvuye ku ngingo y’igihugu c’Ubwongereza yo kuva mw’ishirahamwe rya Bulaya rwabandanije, aho abategetsi bo mu Bwongereza bariko bararaba ukuntu bokwiyungunganya inyuma y’aho abanyagihugu batoreye iyo ngingo.

Mu mugambi wo kuraba ukuntu amasoko y’imitahe atobandanya kuyanzara, uyu musi ku wa mbere, umushikiranganji w’igihugu c’Ubwongereza ajejwe ikigega George Osborne, yasohoye itangazo, rivuga kw’ubutunzi bw’igihugu c’Ubwongereza, bwifashe neza.

Ubwo butumwa, bwasubiwemwo kandi n’umushikiranganji wa mbere, David Cameron, igihe yashikiriza ijambo inama nshingamateka, ubwa mbere kuva aho iyo ngingo itorewe.

Kuruyu wa mbere kandi niho secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry yashika I Londres mu gihugu c’Ubwongereza.

XS
SM
MD
LG