Uko wahagera

Morgan Tsvangirai Yatangaje ko Agwaye Kanseri


Umunyapolitike atavuga rumwe na reta ya Zimbabwe, Morgan Tsvangirai yatangaje kw’agwaye ingwara ya kanseri mu giti c’umugongo.

Tsvangirai afise imyaka 64 mur’iki gihe, yatangaje iyo nkuru uyu musi ku wa mbere, akaba yavuze ko yayisuzumwe mu kwezi guheze mu gihugu ca Afurika y’Epfo, aho ngo abaganga baciye bamuga bikagenda neza.

Yavuze ko yahisemwo gushira ahabona iyo ngwara ngo kuko yemera kw’amagara y’abategetsi baromgoye abanyagihugu, adashobora kuba ikinyegezwa.

Ivyo bishobora kuba ar’ukwifatira mu gahanga Perezida Robert Mugabe afise imyaka 92, yama yagiye mu gihugu ca Singapore kwivuza ibintu bitigera bitangazwa.

Tsvangirai arongoye umuhari Movement for Democratic Change, aramaze guhiganwa na Perezida Mugabe mu matora y’umukuru w’igihugu incuro zitatu.

Yaratsinze incuro ya mbere y’amatora mu mwaka w’2008, yamara Mugabe yaciye atsinda incuro igira kabiri y’ayo matora, abantu benshi bavuga ko yabayemwo ubwicanyi hamwe n’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG