Uko wahagera

Copa America: Chili Yatsinze Argentine


Abakinyi ba Chili bahawe igikombe.
Abakinyi ba Chili bahawe igikombe.

Igihugu ca Chili nico catahukanye igikombe kigira 45 c’ibihugu vya Amerika mu nkino z’umupira w’amaguru zariko zibera hano muri Leta zunze ubumwe z’Amerika mu gutsinda Argentina ibitsindo bine kuri bibiri barinze gutera za penalti.

Uru rukino rwa nyuma rwabereye muri Stade ya East Rutherford iri muri leta ya New Jersey.

Iyo migwi kuva k’umunota wa 42 yose yakininisha abakinyi cumi cumi inyuma yaho Umukinyi Marcelo Riaz wa Chili na Rojo wa Argentina baherewe ikarata zitukuta ku minota ya 28 na 42.

Umwanya wategekanijwe warangiye ata mugwi numwe ubashije gutsinda uwundi. Mu nyuma bongerwa iyindi minota 30, nayo nyene irangira ata numwe atsinze.

Baciye baja mu mwanya wa penalti, Chili itsinda zine, Argentina itsinda zibiri. Lionel Messi ari mu bakinyi ba Argentina bananiwe penalti.

Iri higanwa ryari ryatanguye italiki zitatu z’uku kwezi kwa gatandatu, ryariko ribera mu bisagara cumi muri leta zunze ubumwe z’Amerika.

XS
SM
MD
LG