Uko wahagera

Abarundi Bakeneye Ibisobanuro kuri Afurika y'Ubuseruko


Mu ijoro barara mu Burundi yamara ku murango birigwa kw'isumamwo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Abo ni bamwe mu barundi twasanze ku cambu c'uruzi gwa Maragarazi rugabura Uburundi na Tanzaniya. Ku ruhande rw'Uburundi turi muri komini ya Bukemba. Ku ruhande rwa Tanzaniya ni ahitwa i Gasuru mu ntara ya Kigoma. Abo hakuno mu Burundi barashobora kuvugana n'abo hakurya muri Tanzaniya kuko hagati y'igihugu n'ikindi kuri ugwo ruzi nta metero mirongo itatu zica hagati.

Bamwe bariko bajabuka n'ubwato baja muri Tanzaniya mu gihe abandi nabo baraza mu Burundi.

Hari abarimyi, abikorera imizigo, n'abasoza ubwato bwunguruza abantu n' ibintu. Abo barundi bemeza ko batunzwe n'ukwisumamwo mu gihugu ca Tanzaniya. Ibihugu vya Tanzaniya n'Uburundi bihurikye mu muryango w' ibihugu bigize Afurika y'ubuseruko EAC. Naho imirimo yabo banyagihugu irangukira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, bamwe muribo ivyo umuryango w' Afurika y'ubuseruko baduhishutse ko ataco babizi ko.

Hari abahwihwisha ku bijanye n'akarusho kuri uwo muryango ku banyagihugu.

Naho batazi cane ibikorerwa muri EAC bamwe muri abo banyagihugu bisumamwo mu gihugu ca Tanzaniya, hari ibyo bumva byakorwa maze bikabagirira akamaro.

Abaganiriye n'Ijwi ry'Amerika ku cambu ca Maragarazi barasavye ko abo muri reta babijejwe boja kubasigurira ibijanye n'uwo muryango w'Afurika y'Ubuseruko.

Mu kiganiro co guhanahana ivyiyumviro hagati y 'abarundi bari mu nama nshingamateka yo muri EAC n'abamenyeshamakuru; abo bashingamateka bo nyene ubwabo baremera ko ibikorwa vy'umuryango EAC bitazwi mu banyagihugu batobato. Bavuze ko ico ari ikintu bagiye kugihagurukira, ako kanenge kahave. Inkuru y'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Fidelite Ishatse.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:56 0:00

XS
SM
MD
LG