Uko wahagera

SOMALIA: Igitero C’Iterabwoba I Mogadisho


Umuntu yakomeretse mu gitero c'iterabwoba, cabereye kw'ihoteli y i Mogadisho
Umuntu yakomeretse mu gitero c'iterabwoba, cabereye kw'ihoteli y i Mogadisho

Mu gihugu ca Somalia, abapolisi batangaje kw’uruhagarara rwari kw’ihoteli yari yafashwe n’abakora iterabwoba, rwarangiye, yamara ngo abantu 15 barahasize ubuzima.

Umurwi Al Qaida ukora ibitero vy’iterabwoba watangaje kw’ariwo wakoze ico gitero, ukaba wavuze kw’iyo hoteli ikunda kugenderamwo abategetsi bo muri reta ya Somalia.

Abapolisi bavuga kw ‘abantu bari mur’uyo murwi w’iterabwoba, baturikije imidoka yari yatezwemwo ikibombe iri imbere y’iyo Hoteli, Naso-Hablod ejo ku musi wa gatandatu ku muhingamo, hanyuma abagizi ba nabi bitwaje inkoho bagaca binjira mur’iyo hoiteli bariko bararasa, bongera bagira abantu imbohe.

Abapolisi nabo baciye binjira mur’iyo hoteli batangura kurasana n’abo bantu baciye baguma bagwanira mu kibanza gikikujwe kiri ku gorofa ya nyuma.

Abantu bavyiboneye bavuga kw’imivyimba y’abantu yari imbere y’iyo hoteli hamwe no mu mudoka yariko irasha.

Umutegetsi akorera Department ya reta ya Amerika yatangaje ko Amerika yiyamirije ico gitero kandi ihojeje imiryango y’abaguye mur’ico gitero hamwe n’abanyaSomalia bose.

Ico gitero kibaye mu gihe Abaislamu bari mu kwezi kwa Ramadan. Abagwanyi bo mu mur’uyo muhari ukora ibitero vy’iterabwoba, bama bakora ibitero mu gihe ca Ramadan, cane cane mu gitondo ca kare, canke ku mugoroba, igihe abantu baba bakoraniye mu gisabisho.

XS
SM
MD
LG