Uko wahagera

Burundi: Amaradiyo azugururwa ryari?


Nk’uko bimenyeshwa na Kalenga Ramadhani arongoye urwego rwa reta rujejwe gukurikiranira hafi ibikorwa vyo kumenyeshamakuru CNC, ikibazo c’amaradiyo kibandanya cirwa hafatiwe ku kibazo iradiyo yose ifise. Kalenga Ramadhani avuga ko iradiyo yose yugaye ifise ikibazo yisangije.

Uretse Isanganiro na Rema FM zuguruye, RPA ifise ikibazo n’ubutungane kandi yaciye yugurura iyindi radiyo itazwi na CNC. Kalenga Ramadhan avuga ko Bonesha FM atakibazo ifitanye na CNC caNke n’ubutungane ariko ikibazo gihari kiri hagati y’ubutungane n’umuyobozi wayo. Tele Renaissance nayo Kalenga avuga ko umuyobozi wayo yavuze ko hakwiye ibiganiro kugira ngo bashobore kwugurura.

Nestor Ntiranyibagira arongoye ikigo c’abamenyeshamakuru “Maison de la Presse” mu Burundi we avuga ko ikibazo bari bakwiye kugifata kumwe. Asaba ko ibibazo vy’amaradiyo vyofatwa nk’ivya poritike maze amaradiyo akongera gukora n’abanyamakuru bahunze bagataha gukora umwuga wabo.

Ivyo vyashikirijwe kuri uno wa gatunu mu ntara ya Gitega aho umurwi CNC wari waramutse wugurura icese ibikorwa bitangurira ibarura ry’abamenyeshamakuru

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:18 0:00

XS
SM
MD
LG