Uko wahagera

ABJIA yagurukiye kugwanya sida mu mashure


Urwaruka ruhurikiye mw’ishirahamwe «A.B.J.I.A » rwahagurukiye kugwanya umugera wa sida mu mashure yisumbuye yo mu ntara ya Kirundo. Urwo rwaruka rugize ishiramwe ry’abanduye canke abakozweko mu bundi buryo n’umugera wa SIDA ruvuga ko rwibanda kwigisha urwaruka ruri mu mashure yisumbuye kuko kenshi usanga rufise inkuru nke ku bijanye n’umugera wa SIDA.

Urwaruka ruri mu mashure yisumbuye, cane cane amashure afise indaro, ruremeza ko inzira zishobora gutuma rwandura umugera wa sida ari nyinshi. Ishirahamwe «A.B.J.I.A » rihejeje kubafasha gutanguza umugwi wo kwigishirizamwo ibijanye n’umugera wa SIDA mw’shure rikuru rifise indaro « Lycee kirundo ».

XS
SM
MD
LG