Uko wahagera

Ibibazo vy’Uburundi ni bizomagwa n’Abarundi, AU


Inyuma y'imisi itatu zari zimaze mu Burundi, intumwa z'akanama kajejwe amahoro n'umutekano mw'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika zimenyesha ko ibiganiro vyihutirwa hagati y'abegwa n'ibibazo vy'Abarundi kandi ko Abarundi bonyene ubwabo ari bo bategerezwa kubitorera umuti.

Izo ntumwa zemeza ko zasanze hari ibintu vyinshi vyahindutse mu Burundi. Zigura ko Leta y’Uburundi yagize utwigoro tutari duke mu bisata bitandukanye. Ariko rero, nk’uko bimenyeshwa na Lazarre Makaya Safouesse yari arongoye izo ntumwa, ivyo gukosorwa vyo biracahari.

We n’abagenzi we 14 bamenyesha ko bakuye ikintu kimwe nyamukuru: “Twaravuganye n’impande zitandukanye, harimwo abarongoye igihugu ku rwego rwo hejuru. Twarabonanye n’abaserukira amadini n’amashirahamwe yigenga. Ico twatahuye nk’indunduro ni uko bose barushe kandi bifuza ko hoba ibiganiro vuba bwango kuko izi ndyane ziguma zisubiriza. Bose twasanze bagira bati ibiganiro bitegerezwa kuba, abantu bakicarana maze bagashika ku mwumvikano.”

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:03:39 0:00

XS
SM
MD
LG