Uko wahagera

Ingaruka y'Ingingo y'Ubwongereza muri Afurika


Akarere ka Afurika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara kazokwumva ingaruka mu vyerekeye ubutunzi z’ingingo y’Ubwongereza y’ukuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi. Ivyo bitangazwa n’abitegereza ibintu. Yamara urugero rw’izo ngaruka zizoba zingana ntivyoroshe kumenya.

Akarere ko muri Afurika yo mu buseruko, intara ifitaniye kahise gakomeye ka gikoloni n’Ubwongereza, niko izo ngaruka zizokwibonekezamwo kurushiriza. Ivyo bitangazwa n’umuhinga mu vyerekeye amafranga, Aly-Khan Satchu. Yamara atangaza kw’ata numwe azi neza ibizoshika.

Uyu muhinga atangaza ko ari ivyumvikana yamara ko iyo ngingo y’Ubwongereza izotuma imirimo y’ubudandaji igabanuka, nk’imitahe cane cane.

Ubwongereza ni kimwe mu bihugu bishorera imitahe bikomeye cane mu gihugu ca Kenya. Ubwongereza abutangaza kw’ubudandaji n’igihugu ca Kenya burenga umuliyaridi n’imiliyoni amajana indwi y’amadolari.

Ibihugu vya Kenya na Afurika y’epfo vyarondeye guhumuriza abanyagihugu n’abanyamitahe.

Abategetsi b’ivyo bihugu bamenyesheje ko biteguriye guhaganga n’inkurikizi z’ingingo y’Ubwongereza y’ukuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi.

Aafrika y’epfo nico gihugu gifitaniye imigenderanire ikomeye cane mu vy’ubudandaji n’Ubwongereza hamwe n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi.

XS
SM
MD
LG