Uko wahagera

Ingingo y'Ubwongereza Yababaje Abayobozi b'Isi


Abongereza bahisemwo kuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi muri referandumu yabaye ejo ku musi wa kane.

Ingingo bamwe mu bategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya bavuga ko ari ikosa rikomeye cane.

Umukuru w’inama nyobozi y’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi, Donald Tusk, avuga kw’Ubwongereza bwakoze ikosa, mu kuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi, isoko rusangi rikomeye cane kw’isi. Amenyesha kw’ivyo bizogira ingaruka.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, Jens Stoltenberg, avuga k’'abona kw’Ubwongereza buzoguma bujomeye kwandi buzobandanya kwiyemeza gukorana n’ishirahamwe OTAN.

Amenyesha kw’Ubwongereza buzobandanya kugira uruhara rukomeye, muri iryo shirahamwe n’ugukorana n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi.

Perezida w’Ubufransa, Francois Hollande, avuga ko ababajwe n’ingingo y’Ubwongereza . Yamara amenyesha ko bategerezwa kwubaha iyo ngingo.

Mu butumwa ku rubuga Twitter, icegera ca Minisitiri wa mbere w’Ubudagi, Sigmar Gabriel, yavuze kw’ingingo y’Ubwongereza ari ibintu bibabaje, ku vyerekeye akarere k’Ubulayi.

Abategetsi batari bake mu karere k’Ubulayi babonye ingingo y’Ubwongereza y’ukuva amu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi nk’akaryo k’ugugirisha amareferandumu nkayo, mu bihugu vyabo.

XS
SM
MD
LG