Uko wahagera

Ubwongereza Bwitandukanije n'Umuryango wa Bulayi


Ubwongereza bwatoye kuva mu muryango w’ibihugu vya Bulayi, nkuko igice kinini c’amajwi nka yose amaze guharurwa kibigaragaza.

Ibimenyeshamakuru BBC, ITV na Sky News vyo mu Bwongereza vyose bitangaza ko abanyagihugu bahisemwo kuva mu muryango wa Bulayi. Abababa ibice 52 kw’ijana nibo bavyemeje.

Umugwi utunganya ayo matora watangaje ko abanyagihugu batoye bisunze ibibazo vy’abimukira, ubwigenge bw’igihugu, umutekano, hamwe na kazoza k’ico gihugu muvy’ubutunzi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza David Cameron yari mu basaba ko Ubwongereza bwoguma mu muryango wa Bulayi.

Abakurikiranira hafi ibibera mu Bwongereza bari bavuze ko mugihe abanyagihugu botora kwitandukanya n’uwo muryango, David Cameron, azoba atakaje icizere abanyagihugu bamufitiye.

Imwe mu ngaruka iyo ngingo imaze gutera, nuko ifaranga ry’Ubwongereza rimaze gukoroka ku bice 5 kw’ijana k’umurwa mukuru Londres.

XS
SM
MD
LG