Uko wahagera

ONU Ntiyabashije Gukingira Abasivile muri Sudani y’Epfo


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riremera ko ataco ryakoze kugira rihagarike ubwicanyi bwakozwe mu kwezi kwa kabiri ku banyagihugu bateshejwe izabo mu gisagara ca Malakal, muri Sudani yo mu bumanuko.

Ivyo vyatangajwe ku musi wa kane na Nick Birnback avugira igisata ca ONU kijejwe ibikorwa vyo gucungera amahoro.

Yavuze ko abasirikare ba ONU bajejwe gucungera amahoro bamuka mu bihugu vya Etiyopiya, URwanda n’Ubuhindi batatabaye kugihe abanyagihugu batewe mu gisagara ca Malakal ku mataliki ya 17 na 18 z’ukwezi kwa kabiri.

Ico gihe abantu bitwaje ibirwanisho barinjiye mukigo abo basirikare bari bacumbitsemwo mu gisagara ca Malakal bica abantu 30, abandi 123 barakomereka.

Birnback yamenyesheje ko igisata ca ONU kijejwe gucungera amahoro kizotahukana bamwe mu basirikare hamwe n’intwazangabo zabo bar’aho igihe ico gitero caba.

Umukuru arongoye ico gisata ca ONU kijejwe gucungera amahoro, Hervé Ladsous nawe yabwiye akanama ka ONU kajejwe umutekano k’umusi wa gatatu ko habuze ugutahura kumwe amategeko kur'abo basirikare, aho bamwe bagize ico bakora abandi bahitamwo kureka.

XS
SM
MD
LG