Uko wahagera

USA-DRC: Umupolisi Celestin Kanyama Yafatiwe Ibihano n’Amerika


Adam Szubin, umuyobozi w'igisata ca Leta y'Amerika kigenzura imitungo y'Abanyamahanga.

Adam Szubin, umuyobozi w'igisata ca Leta y'Amerika kigenzura imitungo y'Abanyamahanga.

Leta zunze ubumwe z’Amerika zafatiye ibihano umukuru atwara igipolisi k’umurwa mukuru Kinshasha wa Republika iharanira Demokarasi ya Kongo imwagiriza kwica abasivile.

Amerika yagiriza iyo ntwazangabo y’igipolisi yitwa Celestin Kanyama hamwe n’abapolisi arongoye gutera icuka gituma haba ubwoba mu banyagihugu ba Kongo mugihe ico gihugu cimirije kuja mu matora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Amatungo yiwe yose yafashwe kandi n’abanyamerika babujijwe kugiranira umugambi uw’ariwo wose nawe muvy’ubutunzi.

Amerika ivuga ko igipolisi kirongowe na Kanyama cishe abantu 40 igihe cariko gihangana n'abiyamiriza ukugomba kwitoza kwa kabiri kwa Perezida Kabila mu kindi kiringo. Mur’abo bapfuye harimwo abana n’abagore.

Igipolisi ciwe kandi cagirizwa n'Amerika ko ciraye mu mazu y’abanyagihugu batavugarumwe na reta I Kinshasa, kirakubagura abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Abashika 50 baricwa abandi 30 barabura irengero ryabo.

XS
SM
MD
LG