Uko wahagera

Amerika: Sentare Kizigenza Ntiyashoboye Gufata Ingingo ku Bimukira


Inyubakwa ya sentare kizigenza ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Inyubakwa ya sentare kizigenza ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Ukwicamwo kubiri kw’abacamanza bo muri sentare kizigenza ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, uno musi ku wa kane, vyahagaritse umugambi wa Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, w’ugutuma abantu imiliyoni n’imiliyoni, batagira impapuro zibarekurira kuba mu gihugu biciye mu mategeko, batirukanwa.

Ingingo ya sentare kizigenza ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ifatiye ku ngingo parezida Obama, yafashe y’ukutirukana abo bantu.

Reta ya Texas, n’ayandi ma Reta mirongo ibiri n’atanu, yitwariye Reta ya perezida Obama, ku vyerekeye iyo ngingo yiwe, mu kuvuga ko umugambi wa perezida Obama, uciye kubiri n’ibwirizwa shingiro.

Reta yiwe yo ivuga ko ama Reta ata bubasha afise bw’ukwitwara, kubera amategeko yerekeye abaza kuba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, agengwa na Reta ya Amerika.

Sentare ya mbere ku rwego rw’igihugu, yari yiyamirije ingingo ya perezida Obama, imbere yaho mu kuvuga ko iciye kubiri n’amategeko. Iyo sentare yari yasohoye itegeko ry’uko iyo ngingo idashirwa mu ngiro, gushika sentare kizigenza ifashe ingingo kuri ico kibazo.

Kubera sentare kizigenza yiciyemwo kubiri kuri ico kibazo, ingingo ya sentare ya mbere ku rwego rw’igihugu, niyo izokwirikizwa.

Sentare kizigenza y’igihugu igizwe n’abacamanza umunani, inyuma y’urupfu rw’umucamanza, Antonin Scalia, mu ntango z’umwaka.

.

XS
SM
MD
LG