Uko wahagera

Thomas Perriello Abandanya Guhamagarira Abarundi mu Biganiro


Thomas Perriello
Thomas Perriello

Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello, yaragandeye Uburundi kuva kw’italiki 22, gushika kw’italiki 23, z’uku kwezi kwa gatandatu, mu biganiro n’abategetsi ba Reta y’Uburundi, Abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, n’abaserukira ibihugu vyabo, ku bibazo vya politike n’umutekano bibandanya mu Burundi.

Mw’itangazo yashikirije, amenyesha ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zibandanya gushigikira zivuye inyuma ibiganiro hagati y’Abarundi, bihagarikiwe n’umuryango w’Ubumwe bw’igihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, biciye ku muhuza Benjamin Mkapa, yahoze ari perezida w’igihugu ca Tanzaniya.

Tom Perriello, amenyesha ko banona ko ariyo nzira nziza yonyene izotorera inyishu ibibazo biri mu gihugu, biciye mu mahoro no mu buryo burama.

Mu nama yagiranye n’umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu, Alain Guillaume Bunyoni, Perriello, yashimikiye ku kamaro gakomeye k’ibiganiro, guhagarika umuco w’ukudahana n’iryozwa ry’agateka ka muntu, hamwe n’ingaruka mbi zikomeye umutekano muke ubandanya, ugira ku butunzi bw’igihugu.

Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Thomnas Perriello, yerekanye impungenge cane cane kw’ihagarikwa n’ipfungwa bibandanya, ku banyeshule bagirizwa ko basibanganije ibitabo vy’ishule, n’ukugira imyiyerekano. Yasavzye impande zose ku bibazo biri mu Burundi, muri iki gihe, kuvavanura n’ubwicanyi, kurekurira impari za politike, n’ukwiyemeza, ku vyerekeye ibiganiro bizoshikana ku mahoro, bihagarikiwe n’akarere.

XS
SM
MD
LG