Uko wahagera

Abanyeshure Batega Imitego Imodoka muri Bururi


Muri zone Vyuya ku musozi Nyakimonyi kw'ibarabara rya Bujumbura Matana RN7 inkoho zazindutse zasirana. Amakuru y'abanyagihugu bo ku Muhabo yekemezwa n'abajejwe intwaro ku gwego gwo hasi amenyesha ko izo nkoho zavuye k' umutego imiduga yunguruwa abintu yo mu bwoko bwa fuso yatezwe n'abitwaje ibigwanisho.

Aho muri zone Vyuya iri rigize kane kuva uyu mwaka wa 2016 utanguye imiduga ihategeregwa. Kiretse amafaranga yibwa ntawe yahasize ubuzima. Mu gihe umutego wo ku musi wa kane italiki 23 y'ukwezi kwa 6 umwaka wa 2016 wakozwe n'abanyeshure bo mu mwaka wa gatanu mu mashure matomato n'ayisumbuye, bamwe mu banyagihugu bo ku Muhabo baganiriye n'Ijwi ry'Amerika bavuze ko biteye amakenga abandi nabo ko bibabaje.

Buramatari w'intara ya Bururi Nkurunziza Christian, amenyesha ko uyo mutego ataho usaniye n'abitwaje ibigwanisho batera umutekano muke muri komine ya Mugamba. Yibaza ko abo banyeshure bagirizwa uyo mutego, boba bakorana n'uwahoze ari umusirikare yatorotse igisoda c'igihugu aherutse gufatwa n'inzego z'umutekano.

Inkuru yakuurikiranwe n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Fidelite Ishatse.


XS
SM
MD
LG