Uko wahagera

USA: Akamo k'Abademokrate ku Vyerekeye Inkoho


Mu nama nshingamateka y'Amerika, Abademokrate bafashe ingingo y’ukwicara, mu kibanza abashingamateka bakoreramwo, kugira habe amatora kw’itegeko rijejwe kutorohereza abantu bafise ibibazo vyo mu mutwe kugura inkoho.

Ni yo mpamvu, Abarepublika bagennzura inama nshingamateka bafahe ingingo y’uguhagarika ibikorwa vyabo gushika kw’italiki zitanu z’ukwezi kw’umunani mu gitondo co ku musi ku wa kane, .

Abademokrate batari bake bagumye mu kibanza bakoreramwo co mu nyubakwa bakoreramo, yamara, biyemeje kubandanya akamo kabo.

Depite John Lewis, azwi cane, mu rugamba rw’uguharanira agateka k’abirabure, ava amuri Reta ya Georgia, niwe yatanguje ako kamo ku mutaga wo ku musi wa gatatu. Abademokrate bosaba ko hafatwa ingingo inyuma y’igandagurwa ry’abantu mirongo ine n’icenda, mu gisagara ca Orlando, muri Reta ya Florida.

Depite Lewis yasavye Abarepublika kwifatanya nabo, mu gufata ingingo zitorohereza abantu bafise ibibazo vyo mu mutwe, canke intumbero y’ubugizi bwa nabi, kugura inkoho.

John Lewis, yatangaje kw’Abanyamerika bashaka kw’abashingamateka bafata izo ngingo, kandi kw’Abademokrate bazobandanya bazisaba, igihe inama nshingamateka izosubira gukorana, mu kwezi kw’indwi.

XS
SM
MD
LG