Uko wahagera

USA: Inama Igamije Gufasha Iraki


Abakuru b'ibihugu rutura muvy'ubutunzi
Abakuru b'ibihugu rutura muvy'ubutunzi

Leta zunze ubumwe z’Amerika igiye gutunganya inama mu ndwi iza igamije gutororokanya imfashanyo y'amafaranga aharurwa ku miliyoni amajana z’amadolari yo gufasha igihugu ca Iraki kugira gisubire mu buzima busanzwe.

Amakuru ava muri deparetema ya reta y’Amerika avuga ko imigwano iriko ibera mu gisagara ca Fallujah, aho abasirikare ba Iraki bariko bavyifatamwo neza mu kwigarurira ico gisagara vyatumye abasivile bahasinzikarira.

Amerika izotunganya iyo nama kw’italiki ya 20 z’ukwezi kwa ndwi ifatanije n’ibihugu vya Canada, Ubudagi, n’Ubuyapani. Amerika isaba ko ibindi bihugu vyokwifatanya nabo.

Amerika imenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryahagaritse imwe mu migambi ryahora rifashisha abanya Iraki kubwo gukehanirwa n’amafaranga.

Ariko ngo naho bir’uko ONU iramaze gufashisha abanya Iraki kugarukana umuyagankuba, amazi, amashure, ibijanye n’amagara y’abantu hamwe n’urudandazwa mu bisagara bitari bike vyari vyasinzikajwe n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Iyo migambi ya ONU kandi yarafashije abanya Iraki barenga ibihumbi 725 gusubira mu ngo zabo.

XS
SM
MD
LG