Uko wahagera

Somaliya: Reta Yarishe Aba al-Shabab 8


Abarwanyi ba al-Shabab mu myimenyerezo ya gisirikare

Abarwanyi ba al-Shabab mu myimenyerezo ya gisirikare

Abategetsi ba Somaliya bamenyesha ko igisirikare ca reta cishe abarwanyi umunani b’umuhari wa al-Shabab bongera bafata inkoho n’amasasu mu gitero bagavye k’umusi wa gatatu mu gice co hagati ca Somaliya.

Umusirikare wa Somaliya w’ipete rya Koloneli, Ahmed Mohamed Tredishe yabwiye ijwi ry’Amerika ku musi wa gatatu ko ico gitero cabereye mu micungararo y’igisagara ca Masagawa, kiri hafi y’ahitwa El Dheer, mu ntara ya Galgaduud.

Yamenyesheje ko umusirikare umwe wa reta yahasize ubuzima.

Ico gisagara ca Masagawa kiri ku bilometero, mu bumanuko bwa El-deer kandi cari kimaze imyaka itari mike mu minwe ya al-Shabab.

Al-Shabab yaratoza amatagisi ku banyagihugu baho, bituma bamwe mu banyagihugu bashavura bahitamwo kwiyunga n’imihari y’abarwanyi yashimye gufasha abasirikare reta bo mur’iyo ntara.

Iki gitero kibaye mugihe abategetsi bo ku rwego rw’igihugu n’intara bari mu gisagara ca Baidoa, mu bumanuko bushira uburengero bwa Somaliya aho bariko baganira ku matora ico gihugu cimirije gutunganya mu kwezi kwa munani, uyu mwaka w’2016.

XS
SM
MD
LG