Uko wahagera

Koreya y'Ubumanuko Yagerageje Misile


Ivyo ubuhinga bwerekanye ku myimenyerezo y’amamisile igihugu ca Koreya yo mu bumanuko cagirishije, bisigura ko reta ya Kim Jong Un ibandanya gutera intambwe mubuhinga bwa none bwa tecknologi akoreshwa muri ayo mamamisile, igihugu ciwe kikanabandanya kw’inuba ibihano gifatigwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Reta ya Koreya yo muburaruko yagirishije imyimenyerezo y’amamissile yayo ku ncuro ya gatanu n’iyagatandatu kuri uno musi wa gatatu, hafi y’igisagara ca Wonsan kiri kunkombe y’uruzi. Igisirikare ca Amerika n’ica Koreya yo muburaruko bavuga ko missile yambere yasambukiye mw’ibahari ry’igihugu c’ubuyapani, ku birometero 400 yaho Koreya yo mubumanuko yita East Sea.

Missile ya kabiri yari misile bita Musudan, itashitse kubirometero 3000 itegekanije gushika bitwe n’ubuhinga bwayo, hakaba ari naho ntambwe yoshikako mugihe yorungikwa kw’inkambi y’abanyamerika muri Aziya no mukarere ka Pacifique.

Nubwo iyo misile ya kibiri itashikiriye iyo ntambwe, abahinga banonosoye ubuhinga bw’amamisile bavuga ko Koreya yo muburaruko igenda inonosora ubuhinga bw’amamisile yabo bivuye kuri buri myimenyerezo yayo bakora.

XS
SM
MD
LG