Uko wahagera

Eritereya na Etiyopiya Birahanganye


Reta ya Eritreya yabwiye ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka muntu yuko igihugu ca Etiyopiya kiriko kiritegurira gutera ubutaka bwaco.

Abasirikare ba Eritreya na Etiyopiya baheruka gutana mumitwe kumupaka w’ivyo bihugu. Ivyo bihugu vyempi biratungana urutoki kuwatanguye urwu ruhagarara rwari rugizwe n’ingwano mukarere bita Tserona Central Front; mubumanuko bw’umugwa mukuru wa Eritreya, I Asmara.

Girma Asmerom Tesfay, intumwa ya Eritrea mw’ishirahamwe rya ONU avuga ko hari ivyemezo bikomeye vyerekana ko Ethiopiya yiyemeje gukorera kumigabo n’imigambi ikokeza intambara n’igihugu ciwe.

Mu ndwi iheze kandi, umushikiranganji wa Eritreya ajejwe imigenderanire n’amahanga yagirije Amerika kuba yarakokeje iyo ntambara yabereye kubutaka bwayo. John Kirby, umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bujejwe imigenderanire n’amahanga yarahakanye ivyo vyagirizo yongera avuga kw’ivyo bihugu bikwiye kurondera ineza y’ako karere.

XS
SM
MD
LG